22 Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose.
22 Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje,
Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.
Kuko abaganzwa na kamere k’icaha ni abansi b’Imana. Ntibumvira ivyagezwe vyayo, kandi nta bushobozi bafise bwo kuvyumvira.
Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.
Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu Mpwemu, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,
Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe,
Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.
Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.