Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 7:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mbeg’ iciza cambereye urupfu? Eka na mba! Arikw icaha ni co cārubaye, ngo kimenyekane kw ar’ icaha, kuko canyicishije iciza, ngw icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 7:13
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru.


Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”


Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo abantu bose bashobore kubona ingene ari abanyavyaha. Ariko uko abantu barushirije gucumura cane, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kuba bwinshi.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ