Abaroma 7:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe13 None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 Mbeg’ iciza cambereye urupfu? Eka na mba! Arikw icaha ni co cārubaye, ngo kimenyekane kw ar’ icaha, kuko canyicishije iciza, ngw icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.