Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 6:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kuk’ uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 6:7
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute?


Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobanaho na we.


Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko.


Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ