Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 6:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 6:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo;


Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu.


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ