Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 6:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 6:4
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.


Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe?


Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobanaho na we.


Turabizi neza ko Kristo yazutse mu bapfuye, kandi ntazosubira gupfa. Urupfu nta bubasha rukimufiseko.


Ubu ivyagezwe ntibikituboshe, kuko twapfuye kuri vyo bikaba bitakituganza. Nuko rero dushobora gukorera Imana, atari muri bwa buryo bwa kera bwo kwumvira ivyagezwe vyanditse, ariko mu buryo bushasha bwo kuba muri Mpwemu.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Imana, mu bushobozi bwayo, yazuye Umwami Yesu mu bapfuye, kandi natwe izotuzura.


Naho yabambwe ari umunyantege nke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco


mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe.


Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ