Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 6:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Canke ntimuzi yuko twese abābatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 6:3
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


kuko nta muntu n’umwe muri bo yari bwaronke Mpwemu Yera; bari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu gusa.


Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse.


Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobanaho na we.


Mbega bene Data, ko mwebwe muzi ivy’amategeko, ntimuzi yuko amategeko agenga umuntu akiri muzima?


Muri ico gicu no muri ico kiyaga, bose babatiririjwe kuba abigishwa ba Mose.


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


Nimba ata zuka ririho, none abo babatizwa mu kibanza c’abapfuye babigira biteze iki? Nimba abapfuye batazozuka, ni kubera iki hari ababatizwa mu kibanza cabo?


Mbega ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?


Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Mbega ntimuzi ko abakora mu rusengero barya ivyo mu rusengero, kandi ko n’abakora ku gicaniro barya ivyashikanywe ku gicaniro?


Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.


Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.


kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.


Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ