Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ikindi, ko twemewe n’Imana nk’abagororotsi kubera amaraso ya Kristo, nta nkeka ko n’uburake bw’Imana na bwo azobudukiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Uburake bw’Imana bwarahishuwe buvuye mw’ijuru, ubwo irakira ukutayubaha kwose n’ububi bw’abantu, kuko mu ngeso zabo mbi bagwanya ukuri ngo ntikugaragare.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ