Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Uwo mwana ni sogokuruza wacu Isaka. Igihe yarongora Rebeka yamuvyayeko abana babiri b’amahasa.


Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.


Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. “Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ