Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ni ukuri, nk’uko icaha c’umuntu umwe, ari we Adamu, cazaniye abantu bose gutsindwa n’urubanza, ni ko n’igikorwa kimwe co kugororoka ca Yesu cazaniye abantu bose kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi no kuronka ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 None rero nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:18
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.


Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose.”


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’ivyagezwe vya Mose.


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.


Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.


Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’icaha ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera icaha c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye ivyo.


Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.


Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.


Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ