Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Yamara kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Mose, abantu bagumye bapfa, mbere n’abatarenze ku cagezwe bahawe n’Imana nka Adamu barapfuye. Uwo Adamu yari ishusho ya Kristo, uwari agiye kuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arik’ uhereye kuri Adamu, ukageza kuri Mose, urupfu rwaganza n’abatākoze icaha gisa n’igicumuro ca Adamu, yar’ igishushanyo c’uwagira az’ aze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


Ni ivy’ukuri ko kubera icaha c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo mu buzima.


Kugeza n’ubu ivyaremwe vyose binihishwa n’umubabaro nk’umuvyeyi ari ku bise.


Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.


Kuko ivyaremwe vyose vyisanze musi y’umuvumo w’Imana, naho bitabihisemwo. Ariko bifise ivyizigiro


Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.


Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ