Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:12
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.


Ni ukuri, nk’uko icaha c’umuntu umwe, ari we Adamu, cazaniye abantu bose gutsindwa n’urubanza, ni ko n’igikorwa kimwe co kugororoka ca Yesu cazaniye abantu bose kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi no kuronka ubugingo.


Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.


Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.


Mbega none igihe mwabikora mwungutse iki, ko n’ubu mubiraba mukamaramara? Kandi ivyo bintu amaherezo yavyo ni urupfu.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Kuko icaha ni uruboyi rw’urupfu, kandi ububasha bw’icaha buri mu vyagezwe.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ