Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:11
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mariya aravuga ati: “Ubugingo bwanje burahimbaza Umwami Imana,


Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.


Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!


None kuri wewe bimeze gute? Wiyita Umuyuda, ukishimikiza ivyagezwe vy’Imana, ukishimira ko ufitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Uwo mwana ni sogokuruza wacu Isaka. Igihe yarongora Rebeka yamuvyayeko abana babiri b’amahasa.


Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo?


Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.


Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ