Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 5:10
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.


Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.


Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


Kuko abaganzwa na kamere k’icaha ni abansi b’Imana. Ntibumvira ivyagezwe vyayo, kandi nta bushobozi bafise bwo kuvyumvira.


None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ