8 Harahiriwe umuntu Uhoraho atazoharurako ivyaha vyiwe.”
8 Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha.
Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.
Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.