Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 4:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ivyanditswe Vyera bivuga iki? Bivuga ko, “Aburahamu yizeye Imana, hanyuma ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 4:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abakoze kuva isaha icumi n’imwe z’umugoroba, bahembwa idenariyo imwe.


Mbega ntimurasoma aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye, ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Umuntu wese amwizera ntazokwigera amaramara.”


Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati:


Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.


Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha.


None, ayo mahirwe Dawidi avuga ni ay’Abayuda gusa? Oya, na mba! Ni n’ay’abanyamahanga na bo nyene. Kuko, twamaze kuvuga ko Aburahamu yizeye Imana, maze ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.


Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”


Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.


Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ