Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 4:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Iyo Aburahamu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vyiza yakoze, yari kuba afise ico yirata. Ariko imbere y’Imana si ko vyagenze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Iyo Aburahamu atsindanishirizwa n’ibikorwa, aba afise ico yihaya. Arikw imbere y’Imana nta co afise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 4:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu.


Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.


Ni co gituma handitswe ngo: “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu.”


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Ariko iyo mvuze ubutumwa, sinshobora kuvyirata kuko mba nshikije itegeko ry’Imana. Noba ngowe ntavuze ubutumwa bwiza.


Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo mbuze icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.


Nimba nokwirata, nzokwirata ku bw’ibingaragaza nk’umunyantege nke.


Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ