Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 4:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Mbere no mu gihe vyaboneka ko ata vyizigiro bikiriho, Aburahamu we yabandanije yizera, gutyo aba sekuruza w’amahanga menshi kuko Imana yari yavuze iti: “Uko ni ko abagukomokako bazongana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 4:18
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Zakariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”


Nuko rero bagenzi, nimugumye imitima, kuko ndizera ko Imana izobishitsa nk’uko yabimbwiye.


Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.


Ico gihe yari afise hafi imyaka ijana, ariko ukwizera kwiwe ntikwigeze kugabanuka, naho umubiri wiwe wari umaze kuba akaheze, kandi na Sara akaba yasa n’utagishobora kuvyara.


Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.


Ivyo ni vyo twiteze kuva dukijijwe. Iyo icari citezwe kibonetse, kwitega kuba kurangiye. None hari umuntu yokwitega ico yamaze kubona?


Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ