Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 4:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke abanyamahanga.


Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Ibi bisigura ko abavutse mu buryo bw’umubiri atari bo bana b’Imana, ahubwo abavutse mu buryo bw’isezerano ni bo bana ba Aburahamu.


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.


kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ