Abaroma 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe16 Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese, အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.