Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Nimba isezerano ari iry’abumvira ivyagezwe gusa, rero ukwizera nta co kumaze kandi n’isezerano ry’Imana nta gaciro rifise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abizigira ivyagezwe iyo baba ari bo baragwa, ukwizera kuba kwarahindutse ubusa, ivyasezeranywe bikaba bititutse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 4:14
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo?


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


(kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.


Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ