Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 3:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n’Abagiriki bose ko baganzwa n’icaha:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 3:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”


Uburake bw’Imana bwarahishuwe buvuye mw’ijuru, ubwo irakira ukutayubaha kwose n’ububi bw’abantu, kuko mu ngeso zabo mbi bagwanya ukuri ngo ntikugaragare.


Kuko abantu bose baragararije Imana, bituma ibafata nk’imbohe. Ivyo ibikora kugira ngo ibagirire imbabazi bose.


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe?


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)


None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ