Abaroma 3:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe5 Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.) အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 Ariko namb’ ukugabitanya kwacu kwāshimagije ukugororoka kw’Imana, tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya, kukw iduhanisha uburake bgayo? Mbivuze nk’imvugo y’abantu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.