Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Biragahera: arikw Imana iboneke kw ar’ inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi: nk’uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke k’ugororotse, Kand’ utsinde ni washika mu rukinja.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 3:4
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”


Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.


Ndongera nkibaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini.


Nuko rero ndabaza: None abantu b’Imana baratsitaye bagwa ubutakivyuka? Haba na mba! Ariko kugwa kwabo kwatumye agakiza gashikira Abanyamahanga, kugira ngo bibatere kugira ishari, maze bipfuze ako gakiza na bo.


None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!


Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute?


None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi.


Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha ico ari co. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.”


None ivyo bivuga ko Imana irenganya? Haba na mba!


Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ingingo z’umubiri wa Kristo, ndazifatanye n’umumaraya? Ntibikabe!


Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.”


Ariko nimba turondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi biciye mu kwizera Kristo, maze tukagaragara nk’abanyavyaha kuko twahevye ivyagezwe; mbega bisigura ko Kristo abaye umukozi w’icaha? Haba na mba!


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,


Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.


Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ