Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 3:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke abanyamahanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 kw Imana ar’ imwe, izotsindanishiriza abākebge kubg’ ukwizera, kand’ izotsindanishiriza abatākebge babiheshwa n’ukwizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 3:30
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe vy’Imana, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa?


Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe vy’Imana bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


None rero, tuvuga ko umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


None, ayo mahirwe Dawidi avuga ni ay’Abayuda gusa? Oya, na mba! Ni n’ay’abanyamahanga na bo nyene. Kuko, twamaze kuvuga ko Aburahamu yizeye Imana, maze ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.


Umuhuza afasha iyo hari imigwi irenga umwe igomba kugiriranira amasezerano. Ariko Imana yo yari yonyene.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.”


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Ugukebwa canke ukudakebwa, nta na kimwe gifise ikimazi, igihambaye ni ukuba icaremwe gishasha.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ