Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 3:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 3:22
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko Abanyamahanga batigeze barondera ukugororoka, bakuronse baguhawe n’ukwizera.


Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge.


Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.


Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke abanyamahanga.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.


Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.


Muri we, kandi biciye mu kumwizera dushobora kwegera Imana mu mwidegemvyo kandi tudakekeranya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ