Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Arabibarusha vyose. Ica mbere, n’ukw Abayuda bābikijwe ivyavuzwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 3:2
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera.


Urazi ivyo Imana ishaka ko ukora, kandi urazi guhitamwo iciza kuko wigishijwe ivyagezwe.


Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe?


Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana?


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.


Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.


Ahubwo, batahuye ko nahawe igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza mu batakebwe, nk’uko Petero na we yahawe ico gikorwa mu bakebwe.


Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.


Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ