10 nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe;
10 nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’umwe,
Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi.
Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene.
nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Imana yabahinduye ibiyingiyingi; bafise amaso ariko ntibabona, bafise amatwi ariko ntibumva, gushika n’uno musi.”
nta n’umwe atahura, kandi nta n’umwe arondera Imana.
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.
Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”
Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.
kuko n’Ivyanditswe bivuga ngo: “Mube abera nk’uko nanje ndi uwera.”
Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”
Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.