Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 2:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe vy’Imana, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Non’ ūtākebge ni yitondera ibibgirijwe n’ivyagezwe, mbega kudakebga kwiwe ntikuzomuharūrwako nko gukebga?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 2:26
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.


Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa “abatakebwe” n’abo biyita “abakebwe” (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu).


Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke abanyamahanga.


Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.


Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa.


Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe vy’Imana bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.


Ugukebwa canke ukudakebwa, nta na kimwe gifise ikimazi, igihambaye ni ukuba icaremwe gishasha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ