23 Wishimira ko ufise ivyagezwe, ariko utukisha Imana mu kutabikurikiza.
23 Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ ubicumurako?
Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.
Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.
None kuri wewe bimeze gute? Wiyita Umuyuda, ukishimikiza ivyagezwe vy’Imana, ukishimira ko ufitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana.
Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.
None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko kwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.
Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.