Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 2:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 umwigisha w’abatagira ico bazi, n’umumenyereza w’abakiri bato. Uzi neza ko Ivyagezwe bishobora kuguha kumenya ukuri kwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 n’umuhanūzi w’abanyabgenge buke, n’umwigisha w’utwana, kuko mu vyagezwe ufise icerekana ubgenge n’ukuri:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 2:20
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Wizigira ko uri indongozi y’impumyi, umuco w’abari mu mwijima,


None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.


Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.


Bigira abagororotsi ariko bihakanye ububasha bwobahaye ukugororoka. Uze witandukanye n’abantu nk’abo.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ