Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abanyamahanga badafise ivyagezwe, iyo bakoze ivyo ivyagezwe bisaba, bamera nk’aho babifise mu mitima yabo, naho batabifise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibgirizwa na vyo kubgabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 2:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera.


Mu bihe vyaheze, yaretse amahanga yose ngo yigenze uko yipfuza.


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.


Abacumura badafise ivyagezwe vya Mose bazohona ivyo vyagezwe bitarinze kurabwa, kandi abacumura bari musi y’ivyagezwe bazocirwa urubanza n’ivyo vyagezwe.


Gutyo baba berekanye ko ivyagezwe vy’Imana vyanditswe mu mitima yabo. Kuko ijwi ryo mu mitima yabo n’ivyiyumviro vyabo bibagiriza iyo bariko barakora ibibi canke bikabahumuriza iyo bariko barakora ivyiza.


Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe vy’Imana bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.


Mbega mu vyo kamere y’ibintu itwigisha, si ibiterasoni ko umugabo atereka umushatsi,


Ku banyamahanga batagira ivyagezwe nabayeho nk’uwutabigira n’aho nganzwa n’ivyagezwe vy’Imana, nkubaha ivyagezwe vya Kristo, kugira ngo nzane abatagira ivyagezwe kuri Kristo.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ