Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.
Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.
Namwe ba shebuja, mugirire abagurano banyu nk’uko nyene. Ntimubatere ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo ari we wanyu ari mw’ijuru, kandi ko atarobanura abantu ku butoni.
Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.