Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 15:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko mwemerane, nk’uko Kristo na we yabemeye, kugira ngw Imana ishimishwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 15:7
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.


“Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”


Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Vyongeye, yazanywe no kugira ngo n’Abanyamahanga na bo bahabwe akaryo ko guhimbaza Imana kubera imbabazi zayo, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ni co gituma nzogutazira mu Banyamahanga; nzotazira izina ryawe mu ndirimbo.”


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.


Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ