Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 15:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko na Kristo atinejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 15:3
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”


Kandi na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:


Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ