Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 14:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 14:3
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: “Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”


Yesu yongera acira uwu mugani abishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati:


Nuko rero Petero aherako aravuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni,


Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose.


Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.


Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!


Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.


None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Iyo ivyo urya bitsitaza mwene Data wundi, hanyuma ugashishikara ubirya, ntuba ukiriko uragendera mu rukundo. Ntukemere rero ko indya urya zituma uwo Kristo yapfiriye akora icaha akaranduka.


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ