Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 13:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ntihagire uwo mugirira umwenda, atar’ ugukundana: kuk’ ūkunda uwundi aba ashikije ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 13:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Uwukunda nta kibi na kimwe yogirira uwo akunda. Uwukunda, aba ashikije ivyagezwe vyose.


Uhe umuntu wese ivyo akwiriye guhabwa: abakwiriye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiriye gutinywa mumutinye, uwukwiriye iteka mumutere iteka.


Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.”


Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ