Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 13:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni co gituma, ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana: kand’ abakigābagābiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 13:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.


Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira.


Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.


Urashobora kuvuga uti: “Nimba ibintu bimeze gutyo, ni kuki Imana ivuga ko abantu batayumvira? Mbega ni nde ashobora kwanka ugushaka kwayo?”


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ