Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 13:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 13:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.


Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.


Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.


Usengere abami n’abatware kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ