Abaroma 12:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe3 Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.