Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 11:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 11:7
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.


“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.


“Uhoraho yabagize impumyi akomantaza imitima yabo, kugira ngo amaso yabo ntabone, n’imitima yabo ntitahure, ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”


Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


No muri kino gihe ni ko bimeze, harasigaye Abisirayeli bakeya bakiri abizigirwa kuko ubuntu bw’Imana bwabazigamye.


None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha,


None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!


Nuko rero, Imana ihitamwo kwerekana imbabazi zayo ku bo igomba kuzerekanirako, kandi igahitamwo gukomantaza imitima y’abo igomvye.


Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.


Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?


Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo.


Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.


Murazi ko mu nyuma yarondeye kwakira umuhezagiro wa se, ariko akirukanwa. Naho yawuronderanye amarira, ntivyakunze ko se ahindura iciyumviro.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ