Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 11:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 11:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu gitabu ca Mose, aho yandika ivy’igisaka caka kitarurumba? Handitswe ko Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka, n’iya Yakobo.’


Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.


None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.


Nuko babwira Aroni bati: ‘Ducurire imana zizotuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye Mose, uwadukuye mu gihugu ca Egiputa.’


Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse.


Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.


Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli.


Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe?


Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi ku bwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo!


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ