Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 10:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko ukwemerwa n’Imana nk’umugororotsi biciye mu nzira yo kwizera kuvuga kuti: “Ntukibaze mu mutima ngo mbega ni nde azoduga mw’ijuru?” (bisigura, kuzana Kristo kw’isi)

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arik’ ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gurtya, ngo Ntiwibaze, uti Ni nde azodūga, ngw aje mw ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo),

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 10:6
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Mu vy’ukuri, Imana ntiyahaye Aburahamu n’abazomukomokako bose isezerano ryo kuragwa isi kubera kwumvira ivyagezwe, ahubwo yarimuhaye kubera yayizeye, maze na yo ica imwemera nk’umugororotsi mu maso yayo.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ