Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 10:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 10:3
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: “None mugenzanje ni nde?”


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Mu nyuma, Yesaya na we yavuze ashize amanga ati: “Nabonywe n’abatariko baranandondera, niyereka abatariko baranabaza ivyanje.”


Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara,


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Ivyo yabikoze kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe; kandi kugira ngo yongere yerekane ubwo bugororotsi bwayo nyene, yemeye gufata abizera Yesu nk’abagororotsi.


Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ