Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 1:5
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.


kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.”


Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo.


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.


Ariko nk’uko abavugishwa n’Imana bari barabivuze kandi nk’uko Imana Ihoraho yari yarabitegetse kuva kera, ubwo butumwa bwarahishuwe kugira ngo abanyamahanga aho bari hose, na bo bashobore kuyizera no kuyumvira.


Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ