Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 1:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kuko ntegerezwa kwitaho bose, abateye imbere n’abadateye imbere, abize n’abatize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 1:14
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.


Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.


Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.


Ariko abantu bose barazi ko mwumvira Umwami Yesu, kandi ivyo birampimbara cane. Ndagomba ko muba abanyabwenge mu kumenya ivyiza, ariko mu bibi mube nk’abatagira ico bazi.


Kubera ivyo rero bene Data, ntidutegerezwa gukora ivyo kamere kacu k’icaha kadutegeka gukora.


None rero, ntaronse insiguro y’ivyo mbariwe noba ndi umunyamahanga kuri uwo ambarira, kandi na we nyene yoba ari umunyamahanga kuri jewe.


Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?


Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.


Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ