Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaroma 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 igihe cose nsenze. Kimwe mu vyo nsengera, ni uko Imana, nimba bihuye n’ugushaka kwayo, yomfasha kugira ngo nshobore kuza kubaramutsa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 imisi yose uko nsenze nsaba ngo noneho bishobotse Imana yemere kungendesha amahoro no kunzana i wanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaroma 1:10
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Tubonye tudashobora kumugondoza turamureka, tuvuga tuti: “Ivyo Imana ishaka bibe ari vyo biba.”


Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye.


Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,


Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Twaripfuje kuza iwanyu, kandi jewe Pawulo navyipfuje kenshi, ariko Satani aradutangira.


Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.


Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.


Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ