Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 6:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 6:5
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaso ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco.


Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.


Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Naje iwanyu ndi umunyantege nke, mfise ubwoba, kandi mpinda agashitsi.


Kuko uwahamagawe n’Umwami ari umugurano aba abaye uwidegemvya mu Mwami, kandi uwahamagawe n’Umwami yidegemvya aba abaye umugurano wa Kristo.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.


Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu.


Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.


babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ