Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 5:5
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.


Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.


Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ