Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 5:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 5:32
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.


“Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze bompi babe nk’umubiri umwe.”


Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.


Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya,


Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mutima bari n’ubumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye bwo gutahura gushitse, kugira ngo bamenye iryo banga ry’Imana, ari ryo Kristo.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba abagabo bubashwe, b’imvugakuri, batavuga indimi zibiri, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ