kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’
Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.
Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.
Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.
Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.