Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abanyefeso 5:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abanyefeso 5:18
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu.


hanyuma agatangura gukubita abakozi bagenziwe, kurya no kuborerwa hamwe n’izindi mborerwa,


kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”


Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”


Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.


Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.


kuko iyo mufungura, bamwe muri mwebwe bihutira gufungura ivyabo ntibasangire n’abandi. Ivyo bituma haba abataha bashonje, abandi batashe baborewe.


Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.


abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.


Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro.


Umurongozi w’ishengero ategerezwa kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ